Uko wahagera

Ukutumvikana Hagati ya Reta y'Uburundi n'Abamenyeshamakuru


Mu Burundi ukutumvikana kuri hagati ya leta n’abamenyeshamakuru mur’iki gihe kurarageje ishinga igihugu n’amakungu. Gufunga abamenyeshamakuru batatu mu kiringo kimwe, gufunga uwahoze ari umukuru w’igihugu, n’ibintu bitari bwaboneke mu Burundi.

Abantu batari bake bemeza kw’igihugu kiri mu bihe bidasanzwe. Abatari bake bati hari icuka kibi mu Burundi, icuka kibi cibonekeza mbere uravye ingene amashirahamwe mpuzamakungu akurikirana ivyerekeye iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, canke yubahiriza agatea k’abamenyeshamakuru ata ndwi ihera adasohoye itangazo rinebagura ibintu biriko biraba mu Burundi.

Bamwe bati, leta ni yisubireko ikurikize amategeko. Abashigikiye leta nabo, k’uruhande gwabo, bati abantu bose ni bamenye ko kuyaga ari vyiza, mugabo ko ata kwimbiranirako ivu, ngo kuko ivyo navyo nyene umuntu wese abifisemwo uruhara.

Umumeneshamakuru Jeannine Nahigombeye yaraganiriye n’abantu bo mu nzego zinyuranye, bamubwira ico biyumvira kur’ico kibazo.

XS
SM
MD
LG