Uko wahagera

Uruhagarara Hagati y’Ubutegetsi n’Abamenyeshamakuru Muri Afrika y’Ibiyaga Binini.


Tugize imisi tubabwira ivyerekeye ukuntu ubutegetsi bwo mu bihugu vyo muri Afrika y’ibiyaga binini hamwe n’abamenyeshamakuru batagicana uwaka. Abategetsi barega abamenyeshamakuru bamwe bamwe ko bakorera imigambwe mu gihe abamenyeshamakuru hamwe n’abandi bantu bose bashigikiye igikorwa co gutangaza amakuru bavuga ko reta idashaka, amakuru ayinebagura canke anebagura ivyo ikora.

Mu kiganiro cacu Dusangire Ijambo, twaratumiye abashingantahe bane bakwikirikirana poltike yo mu Burundi no mu Rwanda hamwe n’igikorwa co gutangaza amakuru: Abo bashingantahe akaba ari, Professeur Fabien Cishahayo ava mu Burundi, professeur Aimable Ruzindana, ava mu Rwanda, Freddy Nkurikiye ava mu Burundi hamwe na Gilbert Nibigirwe ava mu Burundi.

Aimable Ruzinzindana, Umunyarwanda aba mu gihugu ca Canada avuga kw’abamenyeshamakuru bakwiye kwama bibutse kw’ar’abantu nk’abandi bategerezwa kwisunga amategeko mu mwuga wabo. Yaribukije uruhara rubi abamenyeshamakuru bagize mw’ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda. Yamara avuga ko naho umumenyeshamakuru aba yarenze amategeko, kizira kumupfunga adaciriwe urubanza canke kumusinzikariza ubuzima bwiwe.

Fabien Cishahayo, Umurundi aba muri Canada, nawe nyene mur’ico kiganiro, ariyamiriza inyifato ya reta y’Uburundi yo gukandamiza no gupfunga abamenyeshamakuru. Avuga ko reta yUburundi ikwiye kwibuka kw’igihe co kuninahazwa no kuvyinwa carenze : Ati ibintu vyarahindutse ngo kuko uburyo bwo gutangaza amakuru ari bwishi arinaco gituma atera akamo reta ngo niyaba ishaka kuvugwa neza itegerezwa gukora neza.

Freddy Nkurukiye, Umurundi aba mu Busuisse nawe nyene aributsa kw’abamneyeshamakuru bagize uruhara rubi mu Rwanda ari na co gituma mu Rwanda amaradiyo yigenga mu ntango yari yiyamirijwe.

Yamara avuga kw’ibiriko biraba mu Burundi no mu Rwanda ku vyerkere igikorwa co gutangaza amakuru, biteje isoni intwaro abantu bose bahora bibaza ko yarigiye kuba akarorero mu ntara yose. Avuga kw’abanyeshamakuru bafashije umugambwe uri ku butegetsi mur’iki gihe igiye uyo mugambwe war’ukiri umurwi urwanya ubutgetsi, bageramiwe n’iyo reta ibagiriza ko bafise uruhande begamiye. Yarateye akamo iyo reta kayisaba kwikubita agashi ngo igendere inzira ya demokrasi, maze ireke abamenyeshamakuru bidegemvye.

Gilbert Nibigirwe , umurundi aba mu Bubirigi, yaragarutse ku kuntu abamenyeshamakuru bo mu ntara ya Afrika y’ibiyaga binini bashobora kugurwa mu buryo bworoshe kubera ubukene burangwa mur’iyo ntara.

Yamara avuga ko mur’iki gihe vyigaragaza ko reta ihari itaborohereza igikora cabo . Ngo aho kubapfunga iyo reta ikwiye nyabuna kubafasha kugira ngo abamanyeshamakuru bamwe bamwe boba barenga akarimbi baronke inyigisho zikwiye zo kunonosora umwaga wabo.

Yarangije atera akamo reta y’Uburundi ngo ifpungure umu makuru masha abamenyeshamakuru bahorwa kuba baratangaje amakuru artyoza iyo reta.

XS
SM
MD
LG