Uko wahagera

Abasilikare b’Afrika y'Epfo Boba Baragurishije Ibigwanisho mu Migwi Yagwana mu Burundi.


Igisoda c'Uburundi kiremeza ko hariho amabombe mirongo itandatu akomakomeye (mortier 60) zatakariye mw'ikambi y'abasirikari bo muri Afrika y'Epfo ku kirimba c'uwa mbere Munyonyo i Bujumbura mu mwaka w'i 2004.

Inkuru zinyuranye ariko zagiye zirabeshuzwa n'abasilikare bo muri Afrika y'Epfo bari i Bujumbura zavuga kw'ayo mabombe yagurishijwe mu muhari Palipehutu-Fnl.

Umuvugizi w'igisoda c'Uburundi, Colonel Adolphe Manirakiza, yaremeje kur'uyu wa gatatu igenekerezo rya 8 Munyonyo 2006, ko mu ntambara zabera mu ntara ya Bujumbura rural, hejuru y'igisagara ca Bujumbura, vyashitse bagafata i bombe Ikomeye (mortier 60) yo muri Afrika y'Epfo mu bibanza vyagwaniramwo abagwanyi ba Palipehutu-Fnl. Kenshi ngo vyarashika n'imyambaro y'abasirikare bo muri Afrika y'Epfo igafatanwa abagwanyi ba Rwasa Agathon.

Izo nkuru ziza zisa n'izishigikira ibiherutse gushikirizwa n'ikinyamakuru co muri Afrika y'Epfo citwa" the Star". Ico kinyamakuru kivuga ko mur'iyi myaka ine irangiye, ibigwanisho vyinshi, amasasu y'ubwoko bwose, n'amabombe, vyatakariye mu makambi y'abasirikari ba Afrika y'Epfo barungitwse guhagararira amahoro mu Burundi.

Umushikiranganji w'ukwivuna abansi wa Afrika y'Epfo ngo yoba agiye kurengutswa vuba imbere y'Inama nshingamateka y'ico gihugu kugira atange insiguro ku bigwanisho vyatakariye mu Burundi.

Ikinyamakuru"The Star" candika kw'ivyo bigwanisho biciye amafaranga imiriyoni mirongo ibiri n'indwi yo muri Afrika y'Epfo.

XS
SM
MD
LG