Uko wahagera

Ikoraniro ry'Abanyarwanda Muri Amerika


Ikoraniro ry'Abanyarwanda ry'uwu mwaka ryabereye mu ntara ya New Jersey muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ryitabiriwe n'abantu bagera ku gihumbi, harimwo abategetsi bakomeye ba leta y'Urwanda bari barongowe na presida w'Urwanda, Paul Kagame.

Abandi bantu bakomeye bari muri iyo nama barimwo Ambassadeur Andrew Young ayoboye ishirahamwe "GoodWorks International", umushingamateka Donald Payne, n'umukuru w'ishirahamwe "Operation Hope", John Bryant, hamwe n'abandi banyamitahe n'abikorera ku giti cabo bo mri Amerika.

Ikoraniro ry'Abanyarwanda ry'uwu mwaka rikaba ryashimikiye ku kworohereza Abanyarwanda bari hanze y'igihugu ku vyerekeye kwubaka amazu mu Rwanda.

Mugenzi wacu Fidele Niyongabo yaraganiye n'umukuru w'ishirahamwe rijejwe gutegura amakoraniro y'Abanyarwanda bari hanze y'Urwanda, Parfait Nkubito Bakuramutsa, ku kugene ikoraniro ry'uwu mwaka ryagenze.


XS
SM
MD
LG