Uko wahagera

Ibiro Bijejwe Iperereza Biguma Bikwirikirana Abamenyeshamakuru.


Biramaze kugaragara ko hariho abakozi bakora mu biro bikuru vy’iperereza baguma bakurikirana abamenyeshamakuru.

Inkuru dukura mw’iradiyo RPA - Ijwi ry’Abanyagihugu - , kur’uyu musi w’Imana, inyuma y’umuhingamo, umukozi azwi cane mu biro vy’iperereza, Jean Petit, yarakurikiranye abamenyeshamakuru ba RPA Serges Nibizi na Domitile Kiramvu.

Mu gatondo ko kuri uyu munsi wa mbere, Domitille Kiramvu yatumenyesheje ko hariho abakozi bandi bo mu biro bijejwe iperereza bari mu micungararo y’imuhira aho asanzwe aba. Kugira aje kukazi, yabanje guhamagarayo kugira bagenzi be baze kumutora i muhira iwe.

Umwe mu bategetsi mu biro bijejwe ipereza atashatse kwivuga izina yamenyesheje umwe mu bamenyeshamakuru y’uko bamwe mu bajejwe ipereza bafise umugambi wo kuburabuza abamenyeshamakuru leta yita abansi.

Ku musi w’Imana kandi umukozi w’ibiro bikuru vy’iperereza yitwa Zabulon, azwi cane kuba yoba yaragize uruhara mw’igandagurwa ry’abantu bane mu Kinama ca Bujumbura haheze indwi zitatu, yiriwe ari nyuma y’abamenyeshamakuru babiri ba Radiyo Bonesha na Net Press.

Abamenyeshamakuru batatu ba Radiyo Isanganiro kandi bagize imisi bagenderwa n’abantu batazwi, baza bihisha bakavuga yuko bashaka kuraba aho abamenyeshamakuru ba Radiyo Isanganiro baba.

XS
SM
MD
LG