Uko wahagera

Sentare ya Kayanza Iciriye Aloys Kabura Amezi 5 y’Umunyororo.


Aloys Kabura, umumenyeshakuru w’itororokanirizo ry’amakuru ABP, yari yafashwe kuwa 31 ukwezi kwa gatanu, aca aja gufungirwa mw’ibohero rya Ngozi. Sentare yamwagiriza y’uko yatutse inzego mu bunywero mu ntara ya Kayanza.

Aloys Kabura aciriwe urubanza amaze imisi 101 mw’ibohero rya Ngozi, amagara yiwe akaba atameze neza kuko amaguru yiwe aravyimvye, n’ubu akaba agicumbagira.

Umuyobozi mukuru wa ABP, Evode Ndayiziga, atangaza y’uko urubanza ruteye intambwe. Mugabo yifuza y’uko bomurekura.

Urubanza rwasomwe muri sentare yicese mu ntara ya Kayanza umuryango canke ababuranira Aloys Kabura atariho bari.

XS
SM
MD
LG