Uko wahagera

Petero Nkurunziza Yahinduye Leta Yiwe.


Umukuru w’Uburundi, Petero Nkurunziza, yafashe ingingo yo guhindura abagize leta yiwe. Abashikranganji batandatu kuri 20 ni bo bahinduye ubushikiranganji.

Dieudonné Ngowembona agiye gutwara ubushikiranganji bw’imigambi ya leta; yahora atwara ubushikiranganji bw’ikigega ca leta. Denise Sinankwa yagenywe ngo arongore ubushikiranganji bujejwe ikigega ca leta; yahora atwara ubushikranganji bw’ubudandaji n’amahinguriro.

Umushikirangaji Jean Bigirimana yahora arongoye ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu agiye gutwara ubushikiranganji bw’ubudandaji n’amahinguriro. Nizigama Marie Goreth akaba agiye gutwara ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu, nawe akaba yahora aramutswa ubushikiranganji bw’imigambi ya leta.

Triphonie Nkurunziza akavye na Barnabé Mbonimpa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, na we Barnabé Mbonimpa aca aja gutwara ubushikiranganji bujejwe kugwanya ikiza ruhonyanganda sida.

Abandi bashikiranganji ntibahindutse. Nta n’umwe yakuwe muri leta kandi nta n’uwundi yinjiye. Abashikiranganji tubabwiye bakavye gusa ubushikiranganji.

Tubibutse yuko bubaye ubwa mbere Petero Nkurunziza ahindura leta. Ivyo na vyo bibaye inyuma yaho icegera ca kabiri ca perezida Alice Nzomukunda atangiye imihoho, akaba yasubirijwe na Marina Barampama.

Izindi ngingo umukuru w’Uburundi yafashe, yagenye abakozi bakuru bakuru bo mu biro vy’icegera ca kabiri ca perezida.

Umuyobozi mwishikira mubiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu akaba ari Isaac Bizimana. Umuhanuzi mukuru ajejwe ibibazo vy’ubutunzi ni Ninteretse Bonaventure, na yo ujejwe protocole akaba ari Jean Paul Mushatsi.

XS
SM
MD
LG