Uko wahagera

Gufata Abigeme n'Abakenyezi ku Nguvu mu Burundi


Ikibazo co gufata abigeme n’abakenyezi ku nguvu kirateye amakenga cane mu bihugu bitari bike, mu Burundi ho kikaba carimonogoje. Mur’iki gihe ngo womenga n’ingwara yateye mu gihugu, aho usanga abagabo bakuze bafata ku nguvu abana batarashikana n’imyaka cumi.

Umupfasoni Mireille Niyonzima arongoye ishirahamwe rishigikiye amategeko agenga umukenyezi mu Burundi, avuga ko igiteye amakenga ar’uko iyo nyifato itakiri mu bisagara binini honyene, ati “ ubu iryo bara riramaze gutandukira no ku mitumba yo hagati mu gihugu, aho abatama bitwa ngo n’ abashingantahe kandi banatiwe bakora ivyo bintu.”
Ico caha rero usanga kenshi na kenshi kitemegwa n’abajejwe ubutungane, eka mbere n’imiryango y’uwo cabayeko. Ugasanga nk’umwigeme yakorewe iryo bara aciye atinya kubivuga. Mu gihe atinye kubivuga, ntaba akigiye no kwa muganga, bigashobora kumugirira ingaruka mbi, zirimwo ingwara zitandukanye, gushika naho ashobora kwiyahura.

Umupfasoni Mireille Niyonzima avuga kw'ikibabaje ar’uko amategeko ariho, yitwa ko ahana ico caha, adatomoye. Kandi n’ayariho usanga abajejwe ubutungane batayashira mu ngiro, mu guhana abakozi b’ico caha co gufata abigeme n’abakenyezi ku nguvu.

XS
SM
MD
LG