Uko wahagera

Umuyobozi wa COOPEC Ageze mw’Ibohero Rikuru rya Gitega.


Kuva kuri uyu wa kabiri 25/2/2006, Lambert Niyonsaba, umuyobozi mukuru wa COOPEC, yafashwe ajanwa gufungirwa mw’ibohero rikuru rya Gitega.

Nkuko tubibwirwa n’umushikirizamanza wa republica mu ntara ya Gitega, Dieudonné Ndabarushimana, umuyobozi mukuru wa COOPEC, yahagaritswe kubera yagirizwa kuba yaranyuruje amahera ashika kumilioni 5 z’amahera y’amarundi, mumpea z’umwaka 2005.

Jean Bosco Ndikumana asanzwe aserukira abakozi aho mu mashirahamwe COOPEC, na we amaze kubona umutahe umuhagarika, yaciye yiruka, gushika ubu ntawe uzi irengero ryiwe.

Umushikirizamanza wa republica mu ntara ya Gitega, tumubajije igituma n’userukira abakozi yaronse umutahe umuhagarika, yishuye yuko:

«Umuyobozi mukuru wa COOPEC ni we yavuze yuko Jean Bosco Ndikumana na we nyene azi ingene ayo mahera yagiye.”

Imbere yuko atabwa muri yompi, Lambert Niyonsaba yamenyesheje ko ariko ararenganywa kubera amahera yose bamwagiriza; umuyobozi ajejwe ubutunzi muri COOPEC ni we yayasohora.

Mwomenya ko Aloys Hakizimana yahora arongoye urwego nshingwantwaro rwa COOPEC yaraye akuwe, asubirizwa na Pasteur Rwahama. Ingingo yo gukura uyo Aloys Hakizimana yafashwe n’abantu indwi kuri cumi bagize urwego nshingwantwaro ya COOPEC.

XS
SM
MD
LG