Uko wahagera

Mundial: Intsinzi y’Ubutariyani k’Ubufaransa Yahitanye Batatu I Bujumbura


Muri commune ya Cibitoke , iri mugisagara ca Bujumbura abanyagihugu bariko baraba urukino rwanyuma ruhuza ubufaransa n’abutaliano , bari bigabuyemwo imirwi ibiri : hari umurwi wari ushigikiye umurwi w’Ubufaransa , abandi bari inyuma y'umurwi w’Ubutaliano.

Kw’ibarabarara rya cumi ryo muri quartier ya Mutakura, abantu barenga ijana bari mwibarabara, bariko bakoma ameshi kubera Ubutaliano butahukanye intsinzi, haca haseruka abapolisi bagerageza gushwiragiza abo bantu, munyuma bahava bararasa , baratera na grenade. Abantu batatu baciye bitaba Imana, abandi bashika 35 barakomeraka, bamwe bakaba bari mu bitaro.

Abanyagihugu aho muri commune ya Cibitoke bakaba bari bazindutse basaba yuko umupolisi Felix Bigirimana akekwa yuko ariwe yagomoye abapolisi kubanyagihugu ko yofatwa.

Gushika nubu, nta mutegetsi n’umwe wo hejuru araza kugarukira kubanyagihugu barashwe kandi ata ntambara yari aho muri commune ya Cibitoke. Abanyagihugu bagasaba yuko uyo mupolisi yofatwa, ariko n’ubu aracidegemvya.

Mu macommune ya Nyakabiga na Bwiza , abanyagihugu bakunda Ubufaransa bari bamaze indwi yose bamanitse adarapo y’Ubufaransa, none baraye bayamanuye. Abandi nabo bati biratanganje kubona abantu bapfa i Bujumbura, kandi n'Abafaransa batsinzwe batigeze bicana kubera barushijwe!

XS
SM
MD
LG