Uko wahagera

Ibiturire m’Umugambi wo Gusanura Ivyasambutse PREBU


Umugwi urongowe n’umuyobozi mukuru w’ibiro vy’abanyabulaya ujejwe kugwanya abarya ibiturire Franz Herman Bruener uragiriza umugambi wogusanura ivyasambutse i Burundi « PREBU »kuba warononye amahera yari agenewe imigambi y’abanyagihugu.

Leta y’Uburundi isabwa kubandanya amatohoza gushika aho abo banyuruje amahera bafatwa .Bitagenze uko , Uburundi bushobora kutazosubira kuronka imfashanyo ziva mw’ishirahamwe ry’ibihugu vy’ibulayagira « union europèenne », bikavurwa na Georges Marc André, aserukira ibihugu vy’ibulaya i Burundi.

Mu cegeranyo cashikirijwe abarongoye Uburundi , uyo mugwi w’abanyabulaya ujejwe kugwanya ibiturire « office européen de lutte anti-fraude » warerekanye yuko mumugambi PREBU habaye ubusuma budasanzwe kandi ababugize naho batabadomwako urutoke bashobora gukwirikiranwa n’ubutungane bw’Uburundi.

« Iyo hataba muri Prebu forode, iyohataba ukurya ibiturire, bishoboka yuko PREBU yari kugira vyinshi. » Ivyo bikavugwa na Georges Marc André aserukira ishirahamwe ry’ibihugu vya Bulaya i Burundi.

Arongera ati « Niyotutaronka icemeza yuko amahera dutanga ko ajagufasha aboyagenewe , niyo ayomahera ataza kugwanya ubukene bwugarije abarundi ,muricogihe ayomahera ntabwo azoba agitumbera uburundi. » Gushika ubu leta ntaco na kimwe irabivugako.

Userukira ishirahamwe ryibihugu vya Bulaya i Burundi akaba yaranagiriwe iterabwoba mumwaka wibihumbi bibiri nakane mukwezi kwa kane , ati abamugirako iterabwoba si Abarundi bose , n’akagwi kabantu bakeya , kandi ngo ntawukundwa na bose.

Inkuru twizeye yemeza yuko abo bantu banyonoye amahera arenga ibihumbi ijana vy’amahera y’Abanyabulaya, abandi bati akokarwi katwaye imiliardi 7 z’amahera y’Amarundi.

XS
SM
MD
LG