Uko wahagera

Petero Nkurunziza Ashobora Gushira Igikumu ku masezerano yo Guhagarika Indwano na FNL Palipehutu


Umukuru w’Uburundi Petero Nkurunziza yafashe urugendo kuri uyu_wa gatandatu rumujana mu gihugu ca Tanzaniya. Nkuko vyatangajwe na Hfsa Mosi, umuvugizi wa prerezida , Nkurunziza agiye gushira igikumu kumasezrano yo guhagarika indwano hagati ya leta y’uburundi na FNL Palipehutu ya Agaton Rwasa.

Ugushira igikumu ku masezerano yo guhagarika intambara vyari vyitezwe isaha umunanI, ariko gushika kumugoroba ntibari bwashire igikumu kuri ayo masezerano.Umuhari Fnl ushaka ko bashira igikumu ku rwandiko rubatuma babandanya ibiganiro mu gihe leta y’Uburundi nayo ivuga yuko urwo rwandiko rutegerezwa kuba rurimwo uguhagarika intambara.

Intumwa za FNL Palipehutu n’iza leta y’Uburundi zari zimaze indwi zitatu ziganira i Dar Es salam muri Tanzaniya.

XS
SM
MD
LG