Uko wahagera

Umumenyeshamakuru w’ABP Yaronse Urupapuro Rwa Kabiri Rumufunga m’Umunyororo


Biragoye gusigura ingene umuntu afunzwe ashobora kuronka urupapuro rugira kabiri rumuhagarika kandi yari asanzwe afunzwe.

Aloys Kabura amaze iminsi indwi afungiwe mw’ibohero rya Ngozi. Ubu rero yaronse kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 5/6/2006, umutahe ugira kabiri, « mandat d’arrêt », yamusanze mu munyororo.

Umutahe wa mbere wanditswe n’Umushikirizamanza wa Republica Jean Paul Manwangari kw’igenekerezo rya 31/5/2006, wagiriza Aloys Kabura yuko ari umukuru w’abagumutsi, none ubu bashizeko ibindi vyagiriji bibiri, harimwo ko yatutse inzego. Umushikirizamanza Kizigenza wa Republica, Jean Bosco Ndikumana, yatumenyesheje ko ata vyo yari bwamenye.

Evode Ndayiziga arongoye itorokanirizo ry’amakuru ABP amenyesha ko atewe amakenga n’ubutungane buriko buraba mahindagu muvyo buriko burakora.

Tubibutse yuko Aloys Kabura yari yarahagaritswe mu kwezi kwa kabiri, arafungwa umunsi umwe, kubera yatanze inkuru yerekeye ishorwa ry’isukari y’Uburundi mu Rwanda, abapolisi baguma birorereye.

Abaharanira ageteka ka muntu baguma basaba leta kurekura Aloys Kabura, ariko leta ntaco irishura.

XS
SM
MD
LG