Uko wahagera

Leta y'Uburundi n'Abaroberi ba FNL Bari i Dar Es Salaam Kugira Batangure Ibiganiro.


Ibiganiro hagati ya leta y’Uburundi n’umuhari Palipehutu Fnl wa Rwasa Agathon biratangura kuri uyu wambere igenekerezo rya 29 za kuno kwezi kwa gatanu i Dar-Es- Salaam muri Tanzaniya.

Intumwa za leta kuwa gatandatu igenekerezo rya 27 ukwezi kwa gatanu , niho zahaguruka zigana umugwa mukuru wa Tanzaniya, zikaba zirongowe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Generali Evariste Ndayishimiye.

Ivyo biganiro bigiye gusubira kuba mu gihe hari intumwa za Tanzaniya zari ziheruka i Bujumbura zizaniye umukuru w’igihugu ubutumire bwo kuzokwitaba ivyo biganiro bizoba bihagarikiwe na leta ya Tanzaniya. Karoli Nkwakula, umushikiranganji wa Afrika y’Epfo ajejwe umutekano ariwe azorongora imibonano hagati y’izo mpande zibiri.

Leta y’Uburundi ivuga ko atari ibiganiro nyezina ahubwo ari ukwumvikana ku kugene umuhari FNL utarashira hasi ibirwanisho woja mu nzego. Palipehutu ya Rwasa Agathon nayo ikavuga ko nyabuna ari ukwicara bakayaga ivyerekeye kahise k’Uburundi n’Abarundi.

Tubibutse yuko intumwa za FNL zimaze amezi arenga abiri ziri muri Tanzaniya aho zari zirindiriye intumwa z'Uburundi. Pasteur Habimana asanzwe avugira FNL yemeje yuko na bo nyene baronse ubutumwa ku biganiro bija gutangura kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 29 ukwezi kwa gatanu.

XS
SM
MD
LG