Uko wahagera

Chance Nyishuyimana Ashaka Abamufasha Kuja Kwivuza i Buganda Canke Muri Kenya.


Chance Nyishuyimana n’umwana w’umuhungu afise amazi icenda. Yatanguye kuvyimba umutwe afise ukwezi kumwe. Yavukiye mubitaro , avuka nkabandi.

Umuvyeyi wiwe, Emillienne Ntawuzonkiza, avuga yuko ata bitaro na bimwe atagiyemwo, ariko ko ntaco vyamumariye. Ubu abaganga bamubwira ko atagiye mu gihugu c’Ubuganda canke muri kenya , umwana we azoruhira gufa.

Uwo muvyreyi wiwe aturuka muri Bujumbura Rural. Afise ubukene budasanzwe ; naho yogurisha itongo ntiyoronka amahera y’indege n’ayo kuriha ibitaro. Asaba yuko abagira neza bomugarukirako.

Uyo mwana afise umutwe munini, kubera urimwo amazi ; ntashobora no guhaguruka. Nyina wiwe aguma amuhetse. Kugira akire ayo mazi barayavoma.

I Burundi nta muganga canke ibitaro bishobora kuvura iyo ndwara bita "hydrocéphalie" mu Gifaransa.

XS
SM
MD
LG