Uko wahagera

Abaroberi 10 ba FNL Palipehutu Bamaze Kugwa mu Ndwano mu Kibira


Uno munsi ugira gatatu abasirikare b’Uburundi bakoresha indege itera amabombe mu Kibira bahiga abarwanyi ba FNL Palipehutu y’Agathon Rwasa.

Inkuru dukesha umuvugizi wa gisirikare c’Uburundi, Major Adolphe Manirakiza, abaroberi icumi ba FNL baramaze kuhasiga ubuzima. Ku ruhande rwa gisirikare ngo hamaze gukomereka abasirikare babiri bakomerekejwe n’amamine. Abantu begereye mu Kibira ariko bo bemeza y’uko abamaze guhitanwa n’indwano boba ari benshi cane.

Aho rero mu Kibira abaroberi boba bacumbitse mu gace ka Mongola, igice gifatanye na commune ya Musigati.

Indwano zisubiye kwongera kwaduka hagati y’abarwanyi ba FNL n’igisirikare ca leta mu gihe abarongoye FNL barindiririye leta muri Tanzaniya leta batangure kuganira. Gushika ubu ariko leta iguma yica amatwi. Petero Nkurunziza yahavuye amenyesha ari mu ntara ya Karuzi yuko yiteze ubutumire bw’umuhuza ku wa 29 za kuno kwezi kugira hatangure ibiganiro hagati ya leta na FNL.

Mugabo inkuru umuntu yo kwizera zegereye abaserukira Africa y’Efo i Bujumbura zemeza yuko ata butumire umushikiranganji wa Africa y’Efo ajejwe umutekano, ari na we muhuza mushasha muri ivyo biganiro, Charles Nkwakula, yoba yimirije kurungika. Ntawuzi niba leta yoba ishaka kurangiza indwano na FNL biciye mu migere.


XS
SM
MD
LG