Uko wahagera

Abakozi bo mu Burundi Barongerewe Umushahara


Mu kiganiro yagiranye na mugenzi wacu Fidele Niyongabo, CelestinNsavyimana, umunyabigega mu runani rw'amashirahamwe y'abakozi mu Burundi, "COSYBU", yatangajeko yakiye neza ingingo umukuru w'igihugu c'Uburundi, Pierre Nkurunziza, aherutse gufata y'ukwongereza umushahara w'abakozi mu Burundi, ngo naho ata kintu kinini izohindura. Ngo bari basavye mu misi ya hagufi ko bokwongerezwa umushahara ijana kw'ijana ngo yamara ntivyabaye. Yamenyeshejekjo imishahara y'abakozi muri iki gihe iteye isoni, ngo yamara arafise umwizero ko leta izobandanya ibiganiro n'abaserukira abakozi ba leta kugira izoshobore kworohereza kurushiriza ubuzima bw'abakozi ba leta.

XS
SM
MD
LG