Uko wahagera

Abayobozi 2 ba SOSUMO Barafunzwe


Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe rihingura isukari SOSUMO n’umyobozi ashinzwe ubudandanji muri iryoshirahamwe Sakaganwa Amedée barafunzwe mw’ibohero rikuru rya Gitega.

Inkuru dukura mu gipolisi i Gitega zivuga ko Damiyano Fyiroko arongoye Sosumo yafashwe kuwa 18 /4/2006, na yo umuyobozi ajejwe ubudandaji muri iryo shirahamwe nyene yafashwe ku wa 14/4/2006.Amaze hafi indwi muri yompi.

Aho itohoza rigeze ,abegereye igipolisi bamenyesha ko Sakaganwa Amedée yemeza yuko ivyo yagize vyose vyo kunyuruza isukari babigirana n’umuyobozi mukuru Damiyano Fyiroko arongoye Sosumo.

Inkuru ziva mubushikiranganji bujewe ubudandaji zitubwira ko abadandaza isukari baje muri Sosumo kurangura isukari, abo bategetsi ba Sosumo baca babarengerezako amatoni cumi canke atandatu. Ayo matoni barenzako yari aya forode, vyagirwa bidaciye mumategeko.

Ubu rero bisa nibigaragaye yuko ahari isukari abategetsi bagurisha kuri forode n’iyindi igurishwa biciye mumategeko. Abarundi ntibarira busema kuko baguma basemerera bavuga yuko isukari iguma inyuruzwa, abategetsi na bo bakaguma bica amatwi.


XS
SM
MD
LG