Uko wahagera

Petero Nkurunziza ngo Abanyagihugu Basubize Ibirwanisho  mu Ndwi Zitatu Gusa


Abarundi bose batunze ibirwanisho basabwa gusubiza ibirwanisho mu ndwi zitatu gusa. Ivyo bitangazwa na Petero Nkureunziza arongoye Uburundi, akaba yabivugiye mu Cibitoke, intara iri mu burengero bw’uburundi.

Perezida Nkurunziza asaba abanyagihugu gutangura kuja kwandikisha ibirwanisho ku bajejwe intwaro. Nayo uzofatwa ataratanga ico kirwanisho inyuma y’indwi zitatu azoca ahanwa n’amategeko.

Imisore yari isanzwe ihagarariye amahoro bita “gardiens de la paix” bo, bahajeje gusubiza ibirwanisho, leta izoca ibaha agahembo yabemereye, na ko kangana n’amahera y’Amarundi ibihumbi 100, umwumwe.

Aho perezida yatanguza uyo mugambi hari abasore 30 bashubije ibirwanisho bari batunze. Aho mu ntara ya Cibitoke abasuma b’Abarundi baraja gukotesha ibirwanisho muri Congo iharanira demokarasi, bahejeje kwiba bakabisubiza, bagaca baha igice c’ivyo bivye ababatije ibirwanisho.

Aha bamwe mu banyagihugu ba Cibitoke basaba abajejwe umutekano gucungera neza urubibe hagati y’Uburundi na Congo Iharanira Demokarasi.

XS
SM
MD
LG