Uko wahagera

Abamenyeshamakuru ba Televisyo y’Uburundi Bahagaritse Akazi.


Bubaye ubwa mbere abamenyeshamakuru ba televisiyo y’Uburundi bahagarika akazi. Abamenyeshamakuru biyamiriza ingingo yafashwe n’umuyobozi mukuru wa televisiyo yo kurungika mu rugendo rwa presida w’igihugu muri Tanzaniya umumenyeshamakuru atari uwa televisiyo.

Nkuko Claude Nkurunziza, umwe mu bamenyeshamakuru abisigura, kuja kurondera amakuru hanze y’Uburundi hahora harungikwa babiri, umumenyeshamakuru n’ugenda gufata amasanamu, none ubu televisiyo isigaye irungika ufata amasanamu gusa.

Ubuho ho aho perezida Petero Nkurunziza aheruka muri Tanazaniya, televisiyo yarungitse ufata amasanamu, n’umumenyeshamakuru w’itororokanirizo ry’amakuru rya leta ABP, adakora muri televisiyo.

Mu nyuma rero abameyeshamakuru ba televisiyo baciye banka gutangaza iyo nkuru y’urugendo rwa presida kuko atamumenyeshakauru wabo yarukwirikiranye.

Umuyobozi mukuru wa televisiyo y’uburundi Léonidas Hakizimana akaba nawe amenyeshako kutarungika abamenyeshamakuru benshi mungendo zohanze, vyavuye ku bukene.

Vyongeye umuyobozi mukuru wa Televisiyo ati « Ivyo kurungika abamenyeshamakuru hanze bigirwa mubushikiranganji bujewe amakuru ».

Ubu rero abo bamenyeshamakuru ba televisiyo baracabonana n’abategetsi kugira batorere inyishu ico kibazo.

Tubamenyeshe ko muri radio na televisiyo y’Uburndi hari abakozi barenga amajana atanu.

XS
SM
MD
LG