Uko wahagera

Petero Nkurunziza Yarishuye Abanyagihugu Kuri Telephone


Bubaye ubwambere umukuru w’Uburundi yishikira muri radiyo Isanganiro kugira yishure kubibazo vy’abanyagihugu babicishije kuri telephone.

Kwigenekerezo rya 8/4/2006 , umukuru w’uburundi ubwiwe, yarishikiye muri studio ya radiyo isanaganiro, arishura abanyagihugu bamutelephona, ahanini bamubajije ibibazo bijanye n’umutekano, inzara nibijanye nubutungane.

Abanyagihugu bo muntara ya Bujumbura rural babajije umukuru w’igihugu aho ibiganiro bigeze hagati ya leta na FNL Palipehutu ya Agaton Rwasa. Perezida Nkurunziza yishuye yuko leta itanka ibiganiro, ahubwo ari uko FNL iguma yihindukiza mw’ijambo.

Perezida Nkurunziza yaranatangaje yuko vuba hari intumwa za leta zimirije kuja muri Tanzaniya kugira batangure ibiganiro. Ariko Umukuru w’Uburundi yaciye amenyeshako FNL iriko irakwira isi yose isaba uburyo, bikaboneka yuko ishaka kubandanya intambara.

Petero Nkurunziza yaciye atangaza yuko vuva leta igire itangure isekeza ryokwaka abanyagihugu ibirwanisho babitunze batabifitiye uruhusha..
Icokiganiro perezida yagiranye n’abanyagihugu , camaze amasaha abiri, cabereye muri radio Isanganiro, gikwirikiranwa kumaradiyo atanu harimwo na radiyo y’igihugu. Ubu akaba yaciye yemera yuko azosubira kugaruka mumezi abiri, kandi yuko azomarana amasaha atanu n’abanyagihugu.

XS
SM
MD
LG