Uko wahagera

Mu Burundi Abaharanira Ikiremwa-muntu Baranenga Itegurwa rya Komisiyo y’Ubwiyunge


Mu rwandiko yaraye ashikirije intumwa za ONU zaje kuvugana ico kibazo na leta, ayo mashirahamwe, Ligue Iteka riharanira agateka ka zina muntu, OAG ikwurikirana ingene leta irangura imirimo yiyemeje, hamwe na FORSC, urunani rw’amashirahamwe ategamiye leta, avuga ko leta yihereranye ivy’ico kibazo kandi kiraba Abarundi bose. Kandi ngo ufatiye ku nteguro ya leta y’ingene izo nzego zibiri zoshingwa, ngo birabonbeka ko leta idashaka ko izo nzego zokwigenga.

Ayo mashirahamwe asaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko ari ryo ryogira uruhara runini haba muri uwo murwi haba no muri iyo sentare.

Muri urwo rwandiko , ayo mashirahamwe Ligue Iteka, OAG na FORSC, avuga ko leta yihereranya itegurwa n’ishingwa ry’umurwi uzotohoza ukuri ku vyabaye hamwe na sentare izocira imanza abazokwagirwa n’ivyaha vyakozwe hano mu Burundi. Leta ngo ikavyihereranya mu gihe vyari bikwiye guca mu biganiro vyinshi kugira hazoshingwe umurwi na sentare bizoshobora kurangura imirimo bizoba bijejwe ataho bihengamiye kandi mu bwigenge nta ngere.

Ayo mashirahamwe atatu abona ko ufatiye kuri kahise k’indyane zo mu Burundi, uwo murwi n’iyo sentare vyojamwo abanyamahanga benshi kuruta abarundi kugira bakore bigenga, aha mukamenya ko integuro ya leta ivuga ko muri uwo murwi hojamwo Abarundi bane n’abanyamahanga batatu.

Ku vyerekeye ubwigenge nyene, ayo mashirahamwe yifuza ko igenwa ry’abagize izo nzego zibiri ryoca mu masezerano hagati y’umukuru w’igihugu c’Uburundi n’umunyabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU aho kuvuga gusa ko umukuru w’Uburundi azobivugana n’umukuru wa ONU.

Ibikorwa biriko birabandanya hagati y’intumwa za Onu i Burundi zirongowe na Nicolas Michel n’umurwi wagenywe na leta y’ Uburundi.Ibikorwa vyatanguye kuwambere 27/3/2006 , bizorangira kuwa 31/3/2006.

XS
SM
MD
LG