Uko wahagera

Caporal Hakizimana Yishe Bagenzi Biwe muri Cibitoke


Indero mu gisoda gishasha c’Uburundi itera igabanuka. Umusirikare yitwa Hakizimana afise ipete ya Caporal yarashe mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu bangenziwe bane, harimwo ibisongerezi bitatu, mu ntara ya Cibitoke , umusozi Binyange, muri segiteri ya Rukana.

Nkuko Paul Mirerekano, comandant ajejwe igipolisi mu ntara ya Cibitoke abivuga, uyo musoda yakoze ibara yari asanzwe ari umunyamakosa kandi yananywa urumogi.

Icatumye arasa bangezi biwe, harimwo n’umutwara bita Chef wa Peloton, Sergent Serugigi, nuko yari aherutse gufatwa yivye ibiro bine vy’umuceri, hanyuma yumvise yuko abakuru bariko baratanga rapport kuri iryo kosa, yaciye yinjira mu nzu atora inkoho, aca arica abo basoda bane, akomeretsa uwundi umwe, imbere yuko na we araswa n’abagenzi biwe.

Abanyagihugu begereye aho ku musozi wa Binyange bumvise inkoho baciye bahunga bibaza yuko batewe n’abansi. Umuvugizi wa gisirikare c’uburundi, Major Adolphe Manirakiza, yamenyesheje yuko bibabaje, ari na co gituma bikenewe yuko abasirikare bogirishwa inyigisho zikwiye kugira bakomeze discipline.

XS
SM
MD
LG