Uko wahagera

Icegera ca HCR Yagendeye Intara ya Muyinga mu Burundi


Wendy Chamberlain, icegera c’umukuru w’ishami mpuzamakungu ONU riraba impunzi kw’isi, HCR, yagendeye uburundi . Wendy Chamberlain yashitse mu ntara ya Muyinga avuye muri Tanzaniya, akaba yagendeye ikambi ya Mugano Abarundi bashikiramwo iyo bahungutse bavuye muri Tanzaniya mukurindira yuko bajanwa i wabo.

Nkuko inkuru dukura mu biro bikuru vya HCR i Bujumbura zibivuga , uwo mutegetsi wa HCR yazanye n’abasanzwe bafasha HCR, nabo baje kuraba uburyo batanga yuko hari ico bwamaze. Wendy Chamberalin yaciye asubira muri Tanzaniya.

Abarundi bahungiye muri Tanazaniya bashika amajana ane ariko igitigiri kiguma ciyongera kubera hari abandi baguma bahungira inzara muri Tanzaniya.

XS
SM
MD
LG