Uko wahagera

Umugaba w'Ingabo z'Urwanda Yasuye Uburundi


General James Kabarebe, umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto z’Urwanda ari mu rugendo i Burundi, kugira aganire n’abategetsi b’Uburundi ivyerekeye amahoro n’umutekano muri kano karere.

James Kabarebe yaratangaje yuko mugenzi we w’Uburundi, Général de Brigade Samuel Gahiro, ari na we yamwakiriye, yuko baganiriye ingene bohana amakuru ku kintu cose coza gihungabanya amahoro n’umutekano i Burundi canke i Rwanda.

Abo bategetsi mu gisirikare bararabiye hamwe ingene abasoda b’i Burundi n’Urwanda boza barahana ubumenyi. Akarorero hari ingabo 10 z’igisirikare c’Uburundi baraye barangije mu gihugu c’Urwanda inyigisho zijanye n’ugucungera amahoro n’umutekano (maintien de la paix).

General Kabarebe yaramenyesheje yuko i Rwanda hakiri ivyo yise « forces négatives », FDLR, nk’uko i Burundi hakiri umurwi urwana FNL Palipehutu. Iyo abategetsi bagisoda bahuye bagahanahana amakuru ngo bifasha impande zose guhasha umwansi.

Ku vyerekeye Abarundi n’Abanyarwanda bafa imbibe hariya ku Kanyaru, General James Kabarebe asigura yuko ico kibazo kitaraba urwego rw’ingabo, kandi ngo ni ikibazo cakemurwa n’abayobozi baturiye aho ku mbibe z’Urwanda n’Uburundi. Muri make, ngo si ikibazo cerekeye umutekano.

Urwo rugendo rw’umukuru w’ibiro bikuru vya gisoda c’Urwanda rwaraye rubaye mu gihe havugwa impunzi z’Abanyarwanda barenga ibihumbi 15 bahungiye mu ntara zo mu buraruko bw’Uburundi.

Umukuru w’ibiro bikuru vy’ingabo z’Urwanda asigura y’uko abo baturage bahunga kubera bahendwa n’abasoda ba FDLR, ariko bakabesha ngo bahunga inzara. Ariko inkuru zituruka aho mu Rwanda zemeza yuko hari Abanyarwanda batari bake bahunga sentare « gacaca ».

XS
SM
MD
LG