Uko wahagera

Umunyamabanga Mukuru w'umugambwe CNDD-FDD ni Colonel Manassé Nzobonimpa.


Colonel Manassé Nzobonimpa ni we yatowe ngo abe Umunyamabanga Mukuru w’umugambwe CNDD-FDD. Yatowe mw'ikoraniro ridasanzwe rigira kabiri ry'uwo mugambwe.Colonel n'abagumyabanga kubice birenga 74%. Abagumyabanga baserukiye abandi bangana 853 bari bitavye amatora mu nyubakwa ya OCIBU iri i Bujumbura.

Abandi bariko bahiganirwa ico kibanza bari babiri , Felicien Nduwuburundi, yaronse ibice 13% , Pasteur Mpawenayo, yari asanzwe ari Umunyamabanga Mfatakibanza w'uyo mugambwe, na we yaronse ibice 11%.

Aheje gutorwa, Colonel Manassé Nzobonimpa yaciye atanga imihoho mu mabanga yo kurongora intara ya Bubanza , aca abanza gushimira Imana kuko yagiye umbere abagumyabanga bakamutora. Mu migambi yashikirije Colonel Manassé Nzobonimpa yiyemeje gukomeza umugambwe CNDD-FDD.

Colonel Manasse Nzabonimpa yahavuye ashimira ibihugu bihana urubibe n'Uburundi kuko vyagumye bifasha Uburundi, cane cane Tanzaniya, igihugu ca Africa y’Epfo, n’igihugu c'Ubushinwa.

Aho rero mu nyubakwa za OCIBU hari imirwi myinshi y'abaririmvyi baririmbira Imana n'abanyacubahiro batari bake, uhereye kuri Présida w’Uburundi Petero Nkurunziza .

XS
SM
MD
LG