Uko wahagera

Inka Ibihumbi 12 Zororerwa Kuri Tanganyika Zizimurirwa Muri Commune Mutimbuzi


Umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Celestin Sebutama, asaba aborozi bose bari cane cane ku kiyaga Tanganyika kuja kuraba ibibanza bateguriwe vyo kwororeramwo muri commune Mutimbuzi, mu ntara ya Bujumbura.

Iyo ngingo y’umukuru w’igisagara ca Bujumbura iri mu ntumbero yo gukingira ibidukikije kuko ahahora ibibanza vyo kuruhukiramwo ubu hasigaye hari amararo y’inka aho ku kiyaga Tanganyika. Ariko rero umukuru w’aborozi, Maderi Adolphe, amenyesha ko iyo ngingo ifashwe ata n’umwe mu borozi agishijwe inama.

“Kuri izo ngingo zose zifatwa, nta mworozi n’umwe aragishwa inama kugira amenyeshe amakenga dufise kuri ico kibanza co muri zone Maramvya, commune Mutimbuzi”.

Aborozi baguma bavuga yuko muri commune Mutsinduzi hakiri umutekano muke kubera ari iruhande y’ishamba Rukoko rigwiriyemwo abarwanyi ba Palipehutu FNL, umuhari ukirwana i Burundi. Gaspari Ndikumazambo, umwe mu borozi bafise inka iruhande y’ikiyaga Tanganyika, avuga yuko bidashoboka yuko inka zirenga ibihumbi 12 bazikoraniriza ahantu hatagira amazi.

Musitanteri wa commune Mutsinduzi, Louis Niyonzima, aremeza yuko amazi akenye muri iyo commune, agasaba ishirahamwe ritanga amazi Regideso kwongereza amazi muri ako karere niyo inka zimurirwa aho muri iyo commune yiwe.

Abashikiranganji bagiye barakurikirana mu bushikiranganji bujejwe ibidukikije bagiye baragerageza gukura inka mu gisagara ca Bujumbura, ariko birabananira.

Ntawuzi yuko abategetsi bashasha batowe n’abanyagihugu bazobishikako. Abantu basigaye bavuga yuko ku kiyaga Tanganyika, aho bita kuri “Plage”, hasigaye hari inka kurusha abantu!

XS
SM
MD
LG