Uko wahagera

Abarundi Ntibazareba Imikino ya CAN Kuri Television y'Uburundi


Bubaye ubwa mbere Televisiyo y’Uburundi iterekana inkino z’umupira w’amaguru uhuza imirwi nserukirabihugu muri Africa , inkino ziriko zibera i Cairo mu gihugu ca Minsiri kuva kuru wa 20 Nzero gushika kuwa 10 Ruhuhuma.

Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru, akaba ari umuvugizi wa leta, Karenga Ramadani, yatangaje yuko leta y’Uburundi idashobora kuronka amahera angana ibihumbi amajana abiri na mirongo itandatu na kimwe c’amahera y’Abanyabulaya Euro (261.000 Euro), amahera yababa gato imilioni amajana atatu y’Amarundi ishirahamwe LC2 ry’igihungu ca Benin risaba kugira Uburundi burorere iryohiganwa rya Africa ry’umupira w’amaguru kuri televisiyo.

Umushikiranganji Ramadani Karenga asigura yuko Uburundi budashobora kwemera gutanga amahera angana imilioni amajana atatu kandi televisiyo y’uburundi ibonesha i Bujumbura gusa kubera abahoze barwana basambuye ivyuma mumaja epfo y’igihugu vyatuma amasanamu ashika mugihugu hagati. Ivyo vyuma vyasambuwe mumwaka wa 1997. Kuva ubwo, televisiyo yaciye iguma iboneka kumurwa mukuru i Bujumbura gusa.

Ariko rero Abarundi bakunda umupira w’amaguru baranebaguye iyo nyifato ya leta idashaka gutanga ayo mahera kandi umukuru w’Uburundi Petero Nkurunziza, kuva aho aziye k’ubutegetsi, yavuze yuko guteza imbere inkino biri muvyo azoshira imbere.

Abandi nabo bati biratanganje kubona aburundi batabona kuma televisiyo yabo inkino z’igikombe ca afrika z’umwaka w’ibihumbi bibiri na gatandatu ziriko zibera i Cairo muri minsiri, kandi no mugihe Abarundi bari bakiri muntambara, izo nkino ziba rimwe mu myaka ibiri Abarundi baraziraba.





XS
SM
MD
LG