Uko wahagera

Mu Burundi Bibutse Imyaka 12 Perezida Melchior Ndadaye Yishwe


Ku musi Uburundi buhimbaza imyaka 12 umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye agandaguwe, impanuro nyamukuru n’uko Abarundi bogiriranira ikigongwe. Mu nkuka y’imisa yo kwibuka uyo muhisi yahererejwe mw’isengero Cathedrale Regina Mundi i Bujumbura, abari bayitavye barumvise ko Abarundi bakwiye kwigira inama yo kurekuriranira.

Patiri Astere Kana asanzwe ari mu bari barongoye umurwi wigenga wari ujejwe gucungera amatoa aheruka CENI yamenyesheje icese y’uko ari yo nzira yonyene izotuma Abarundi bubaka igihugu cabo.

Twibutse ko imyaka 12 irangiye umukuru w’igihugu Melchiore Ndadaye hamwe n’abafasha biwe bagandaguwe n’akarwi k’abasirikare b’igihugu, urwo rupFu rukaba rwakurikiwe n’ubwicanyi bwahitanye abanyagihugu bashika ku bihumbi 200 mu gihugu cose, abarenga ibihumbi 700 bahungira inyuma yaco.

Mu nyuma y’ibiganiro vy’amahoro vyabereye i Arusha hamwe n’amasezerano yo guhagarika ingwano Patiri Astere Kana yasavye y’uko iyindi ntambwe ihambaye yoba iy’ugushinga umusi umugambi wo kugiriranira ikigongwe wotangura. Aremeza ko ari nkenerwa y’uko itohoza ryogirwa n’ubutungane abantu bakamenya ukuri, hakaba akaryo ko gusaba ikigongwe ku bakoze ivyaha.

Ivyo birori vyari vyitabwe n’abaserukiye reta na cane cane umukuru w’igihugu aheruka gutorwa Pierre Nkurunziza n’ivyegera vyiwe, abaserukiye inama nshingamateka na nkenguzamateka, abaserukira ishirahamwe ONU n’ibihugu vyabo mu Burundi, hamwe n’imigambwe yemewe n’amategeko. Abaserukiye umuryango wa Melchior Ndadaye harimwo umuphakazi wiwe Laurence Ndadaye niho bari.

Mu nyuma y’inkuka y’imisa harabonetse akaryo ko gushira ku ntatemwa ya Melchior Ndadaye ingori z’amashurwe. Vyongeye ijwi ryiwe rivuga ingendo yafashe y’uko igihugu kigiye gutwarwa mu butungane abari bitavye ivyo birori barashoboye kuryumviriza.

Amasezerano y’amahoro y’i Arusha ategekanya ko urubanza rujanye n’ igandagurwa rya president Melchior Ndadaye ruzosubirwamwo mu nyuma y’aho rwari rwaciwe muri sentare i Bujumbura.


XS
SM
MD
LG