Uko wahagera

Abashinguramateka n’Abakenguzamateka Bari mu Mahugurwa


Abagize Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka bariko barakurikirana inyigisho zizotuma bashobora gukora neza mu misi iri imbere. Ni naco gikorwa ca mbere zihereyeko mw’ikoraniro rya mbere ryazo, mu nyuma y’amatora.

Uwuserukira ishirahamwe ry’abashingamateka b’Abanyaburaya ari naryo ryafashije kuringaniza izo nyigisho, yaramenyesheje icese y’uko inama shingamateka ari urwego ruhambaye rutuma igihugu kiba muri democratie.

Yaribukije abashingamateka ko bategerezwa kugendera amateka yubahiriza umunyagihugu wese, no gushinga inkingi zituma umunyagihugu abaho neza no mu mwidegemvyo, adahonyoye ku gateka k’abandi kubera umwizero yabashizemwo ngo bamuserukire.

Lydia Maximus yaribukije y’uko reta ari yo itegerezwa kubera Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka igikoresho mu gushira mu ngiro ivyiyumviro bizivuyemwo, hishimikijwe ubutungane bukorera mu bwigenge.

Muri iyo nama abashingamateka bazokwigishwa ukugene bategura imigambi, n’ukugene bayishikiriza abatanga amafaranga kugira ngo yemerwe kandi ishobore gushirwa mu ngiro. Igikenenewe mu gutegura imigambi, ni ukumenya aho badodora ahari ho mu ngendo y’ukuronka imfashanyo.

Nk’uko icegera c’umukuru w’Inama Nshingamateka, Onesime Nduwimana, avyemeza, birakenewe ko abashingamateka bazokora muri iki kiringo gikurikira intwaro mfatakibanza bamenya ibikorwa bibarindiriye, no kwumvikana ku bikenewe y’imigambi yabo. Ukuganira mu ntumbero yo kumenyana na vyo nyene birakenewe, mu nyuma y’ibikorwa vyo kwiyamamaza n’amatora vyari bibafatiriye.

XS
SM
MD
LG