Uko wahagera

Mu Burundi Amatora y'Abakuru b'Imitumba Yagenze Neza


Ishirahamwe ONU, igisata gikorera mu Burundi ryaramenyesheje kuri uyu wa gatanu ku mugoroba ko amatora y’abakuru b’imitumba yagenze neza mu Burundi, n’aho abayitavye ari bake. Ibice biri hagati ya 25 na 30 % mu ntara zimwe zimwe bishobora guhiduka gatoyi mu bihe biri imbere.

Ariko rero iryo shirahamwe ryemeza ko ayo matora y’abakuru b’imitumba ahambaye co kimwe n’ayabaye imbere yayo. Uwuserukira umunyamabanga wa mbere wa ONU mu Burundi, Carolyn Mac Askie, amenyesha ko ari icemezo c’intwaro ya democratie uhereye hasi, kandi ko ari ikimenyamenya c’inguvu za bose mu kugarukana mahoro.

Ibikorwa urwego rwa ONUB rwahora rurangura mu Burundi bigiye kuzohinduka. Carolyn Mac Askie yamenyesheje icese kuri uyu wa gatanu ko imigenderanire na reta nshasha yatowe n’abanyagihugu itakiri nk’iyo rwari rufitaniye n’intwaro mfatakibanza yahahora.

Ku bijanye n’umutekano ishirahamwe ONU ryemeza ko rizokurikiranira hafi y’uko intwaro nshasha izoshobora kworoherwa kugira ngo imare ikiringo cayo ata nkomanzi. Umupfasoni Carolyn mac Askie amenyesha y’uko ibiganiro hamwe na reta nshasha n’abagenzi b’Uburundi bigiye gutangura, kugira ngo bagire icegeranyo kijanye n’amabanga mashasha iryo shirahamwe rigiye kuzogira mu nyuma y’ishingwa ry’inzego nshasha zivuye mu matora. Ico cegeranyo kizoca gihabwa Inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi imbere y’uko ukwezi kwa 11 kurangira.

Tumenyeshe ko mu matora yabaye kuri uyu wa gatanu, abaharanira ikibanza c’uwuserukira umutumba bagera ku 44.722 ku mitumba 2.912.

Ishirahamwe ONU ryemeza ko abakenyezi bitoje kuzorangura ayo mabanga ari benshi n’aho badashika ibice 30 % bitegekanijwe n’amasezerano y’i Arusha.

XS
SM
MD
LG