Uko wahagera

ONUB Ishyigikiye ko Uburundi Bufashwa Kwisanasana


“Mu nyuma y’ingwano ibintu biba biteye impungenge.”

Ukwo ni kwo uwuserukira ishirahamwe ONU mu Burundi, Madamu Carolny Mac Askie, asigura ukugene Uburundi bukeneye gufatwa mu mugongo gusumba. Ivyo yabimenyesheje mu gihe yimirije kwitaba mu ndwi iza inama y’i New York yerekeye Uburundi.

Uyo aserukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU yavuze ko agiye gusubira kwumvisha umuryango mpuzamakungu ko mu bihe vy’inyuma y’ingwano ari ho wotsimbataza imfashanyo uha Uburundi. Yamenyeshe y’uko hagiye gushingwa inzira y’ibiganiro hagati ya reta y’Uburundi n’abatanga imfashanyo, kandi ko bikenewe ko reta yumva ko igomba kuguma ikurikiza ibwirizwa shingiro.

Abaserukira akigoro ko muri kano karere mu bijanye n’Uburundi, ibihugu hamwe n’amashirahamwe asanwe afasha Uburundi, Ishirahamwe ONU n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, bazoba bari muri iyo nama yatumweko n’umunyamabanga mukuru wa ONU Koffi Annan.

Uwuserukira ishirahamwe ONU mu Burundi yaramenyesheje ko ashigikiye amatora y’abazoba barongoye abandi ku rwego rw’imitumba. Yarasavye ko mu gihe mu ndwi iza nyene amakungu azohimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe amahoro kw’isi ingwano yohagarara mu Burundi.

Yarongeye atera akamo umuhari FNL-Palipehutu ukirwana ko wokwemera ugasubira mu biganiro bigamije uguhagarika burundu ingwano mu Burundi. Ku bwa Carolyn Mac Askie, nta kamaro ko kuvuga ko uyo muhari uharanira ineza y’abanyagihuhu mu nyuma y’amatora yitabwe n’abatari bake. Yemeza ko agiye gukorana n’abanywanyi b’uyo muhari ku nzego zose kuko ku bwiwe umwanya w’induru z’amasasu warangiye.


XS
SM
MD
LG