Uko wahagera

HCR Yiteguye Kwakira Impunzi Nyinshi z'Abarundi Bahunguka


Kuva mu kwezi kw’indwi kw’uno mwaka igitigiri c’impunzi zitahuka mu Burundi kiguma ciyongera.

Ishirahamwe HCR ryemeza y’uko ico gitigiri ciyongereye incuro zitatu mu kwezi kw’umunani aho ibihumbi 14 vy’Abarundi baje bava mu gihugu ca Tanzaniya. Mu kiganiro cahawe abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri Ahmed baba Fall ajejwe ugusubiza mu buzima busanzwe abahungutse muri ico gisata c‘ishirahamwe ONU, amenyesha ko HCR iriko iritegurira kwakira izindi mpunzi nyinshi zishobora gutahuka.

Iyo nteguro yiswe « plan de contingence » itegekanya n’imiburiburi ugushobora kwakira Abarundi bari hagati y’4500 hamwe n’9000 boshika ku ndwi ku ndwi.

Amanama hamwe n’amashirahamwe yishinze gufasha mu vyihutirwa, reta hamwe n’abajejwe gutanga uburyo ariko arategekanywa kugira ngo ico gikorwa kizoshobore kuranguka.

Ishirahamwe HCR ku cicaro caryo c’i Bujumbura, rizokwikora ku buryo bwaryo, ryongere risabe gufatwa mu mugongo n’ibiro vyaryo biri mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi, naho nyene imibonano bene iyo ikaba imaze kuba.

Igitigiri c’Abarundi bahungiye mu bihugu bihana urubibe n’Uburundi, nk’Urwanda na Republika Iharanira Democratie ya Congo, hamwe na Tanzaniya, cababa ibihumbi 600.

Ishirahamwe HCR, rifadikanije na reta, ryatanguye gufasha gutahuka impunzi zibishaka kuva mu mwaka w’2002, abamaze gutahuka bakaba bangana 263.124. Muri uno mwaka w’2005, gushika mu kwezi kw’indwi, abamaze gushikanwa mu Burundi bangana ibihumbi 37.

Ahmed Baba Fall ajejwe umugambi wo gusubiza mu buzima busanzwe abahungutse amenyesha y’uko n’aho atawobuza impunzi gutahuka iwabo, ishirahamwe HCR ritipfuza y’uko haza igitigiri kirengeye uburyo rifise, umuntu yihweje ukugene igihugu cifashe mu nyuma y’intambara yari imaze imyaka irenga 10 mu gihugu.

Ukwiyongera kw’Abarundi batahuka mu gihugu c’amavukiro, kuva mu kwezi kw’indwi kw’uno mwaka, kujanye n’ibihe vy’amatora aherutse kuba mu Burundi, irangizwa ry’umwaka w’amashure, hamwe n’ibihe vyo gusarura mu makambi y’impunzi.

Tumenyeshe ko ishirahamwe HCR rifasha no mu vyerekeye ugusubira mu buzima bushasha kw’abahungutse, nko mu kwubaka amasomero hamwe n’amavuriro mashasha, ugusanura ayasambutse, hamwe no kuvuza no kurihira amashure abahungutse. Intara zironka abatahuka gusumba izindi ni iziherereye ku mipaka ihana urubibe n’Uburundi nkaTanzaniya, Makamba, Ruyigi, Muyinga, Kirundo na Rutana.

XS
SM
MD
LG