Uko wahagera

Igisirikari Gishya cy'Uburundi ngo ni Ikimenyetso cy'Ubwisanzure bw'Abarundi


Umuzo w’igisirikare gihurikiyemwo amoko yose ni kimwe mu bimenyetso vy’uko Uburundi bwateye imbere mu kwikukira kwabwo. Mw’ijambo umukuru w’igihugu Domicien Ndayizeye yashikirije abanyagihugu i Bujumbura, yaripfuje y’uko Uburundi butosubira gusaba ababufasha mu ndyane zitaje ziva inyuma yabwo kandi mu gihe vyoba bikenewe.

Yaramenyesheje ko ivyo bica mu kwubahiiza agateka ka zina muntu hamwe no gucungera umutekano biboneka.

Mu gihe buca haba amatora y’abazoba bagize inama nshingamateka, umukuru w’igihugu yarasavye umurwi wigenga ujejwe amatora CENI ko woba watanze inyishu ku birego vyashikirijwe bijanye n’ingorane zabaye mu matora y’amakomine aheruka. Yaragirije atadomyeko urutoki abanyamahanga yemeza ko bagiye gufata ubutegetsi bw’uyo murwi.

Mu makosa ashira imbere yabaye mu matora y’amakomine harimwo inyuruzwa ry’amakarata y’amatora y’imigambwe imwe imwe imbere y’uko amatora aba, iterabwoba rigirirwa abanyagihugu…

Asaba Abarundi y’uko boshigikira umugambi wo kwaka ibirwanisho abatabifitiye uruhusha, yongera yibutsa y’uko ibihano bitegekanijwe ku wufashwe ariko arabikoresha mu kubuza abanyagihugu gutora mu mutekano.

Mw’ijambo yashikirije yaravuze ugushigikiranira kw’abamenyeshamakuru mu makosa, yongera amenyesha ko umwuga wabo wokorwa n’abawuzi, kuko kuri we atari ivyo abamenyeshamakuru bashobora gukora amakosa ahambaye.


XS
SM
MD
LG