Uko wahagera

Mu Burundi CNDD-FDD Yatsinze Amatora yo mu Makomini



Umuhari CNDD-FDD watahukanye intebe 55% mu matora y’abahanuzi ba Komine. Mu biharuro mfatakibanza vyatangajwe ku wa kane ku mugoroba n’umurwi CENI wigenga ujejwe gukurikirana ibikorwa vy’amatora, wamenyesheje ko ku ntebe 3.225 zari zitegekanijwe washoboye kuronka izigera ku 1.781.

Ibiharuro vyagiye birashikirizwa n’abajejwe igikorwa c’amatora mu ntara brerekana ko uyo wahora ari umuhari urwana waronse intebe za mbere mu ntara zishika 13 kuri 17 zigize igihugu.

Umugambwe uri mu kibanza gikurikira ufise ayari munsi gatoyi y’ica kabiri c’ayo umuhari CNDD-FDD waronse. Ibiharuro mfatakibanza vy’umurwi CENI vyerekana ko umugambwe Sahwanya FRODEBU ufise intebe zigera ku 820, n’ukuvuga hafi ibice 25,4 % vy’intebe zari zitegekanijwe mu makomine yose y’igihugu. Umuhari UPRONA wahoze ari umugambwe umwe rudende nawo watahukanye ibice 8,3%.

Tumenyeshe ko ibiharuro ntabanduka vy’ivyavuye mu matora y’amakomine bizomenyeshwa mu nyuma y’aho umurwi CENI ku rwego rw’intara uzodadanura ibirego vy’imigambwe hamwe n’abitoje ku gatwe kabo bazoba bashikirije. Iyo migambwe hamwe n’abigenga bafise ikiringo c’imisi ine kuva ivyavuye mu matora mfatakibanza bimenyeshejwe, umurwi wa CENI mu ntara, nawo ukaba uhabwa ikiringo c’imisi itandatu ngo ube washikirije ingingo wafashe nk’uko bitegerezwa n’amategeko agenga amatora.

Mu gihe yariko arashikiriza ivyavuye mu matora y’abazoba abahanuzi ba komine, umukuru wa CENI yamenyesheje icese y’uko ayo matora yabaye intambwe ihambaye mu bijanye n’umugambi w’amatora hamwe n’uw’amahoro mu Burundi. Paul Ngarambe yarashimiye abanyagihugu, imigambwe n’abitoje mu bigenga, amaradiyo n’ibinyamakuru, umuryango mpuzamakungu n’abajejwe umutekano, akemeza ko akigoro ka bamwe bose ari ko katumye ayo matora agenda neza.

Tumenyeshe ko mu misi iri imbere abagize inama ya commune bazotangura guhura. Ikoraniro rya mbere mu gihugu cose ritegekanijwe kw’igenekerezo rya 28 muri uku kwezi. Abo bajenama ba komine ni bo bazoheza bagatora abazoba abakenguzamateka.

XS
SM
MD
LG