Uko wahagera

Mu Burundi Intambara Yahutaje Ikiremwa-Muntu muri 2004



Ishirahamwe ONU ryarasohoye icegeranyo kijanye n’ukugene iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi kari kifashe muri uno mwaka urangiye. Iryo shirahamwe ryemeza y’uko ingwano ihitiye mu gihugu cane cane mu ntara ya Bujumbura rural yatumye agateka ka zina muntu gatosekara.

Abanyagihugu batari bake barataye izabo, bongera barasahurwa mu mazu yabo mu bibanza bigwiriyemwo abasirikare ba reta, nko mu gihe baba bariko barigizayo abarwanyi b’umuhari FNL-Palipehutu. Abarwanyi baragize imbohe abacivils bongera bakabafata nabi, bakabatoza amatagisi adaciye mu mategeko canke amafaranga kugira ngo barekurwe.

Icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kirerekana ko mu bakorewe amabi yo gufatwa ku nguvu ari bake bashoboye gushikira ubutungane. Ivyo bikava ku kibano, ukubura ababafasha gushikira ubutungane, canke ubumenyi buke bw’abajejwe ubutungane, n’ingorane zo kuronka kwa muganga ivyemeza y’uko yakorewe ivya mfurambi.

Rimwe mu mashirahamwe mpuzamakungu ahora yitaho abakorewe ayo mabi rironka abaza kuryitura bari hagati ya 120 n’140 ku kwezi mu ntara ya Bujumbura yonyene.

Icegeranyo c’ishirahamwe ONU kiradoma urutoke y’uko amabohero arimwo abanyororo barenga abategekanijwe, muri bo ibice 60 % mu gihugu cose bakaba baphunzwe ivy’agateganyo. Ishirahamwe ONU ryemeza y’uko amasezerano mpuzamakungu yashizweko ibikumu na reta y’Uburundi adakurikizwa n’abapolisi hamwe n’abagendarmes, nko mu bijanye no kwubahiriza ikiringo c’imisi 14 kigenewe uwupfunzwe ivy’agateganyo.

Ishirahamwe ONU ryagiriza reta ko itarashira ahabona itohoza ry’ibijanye n’ubwicanyi bwahitanye impunzi z’abakongomani, kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro 2004, mu nyuma y’aho yemereje amasezerano y’i Roma ajanye na Sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

XS
SM
MD
LG