Uko wahagera

Abanyarwanda 2000 Bari Barahungiye mu Burundi Baratahutse


Abanyarwanda bashika hafi ibihumbi bibiri baheruka guhungira mu Burundi baratahutse muri iyi misi ibiri irangiye. Uwujejwe impunzi ku ruhande rwa reta amanyesha y’uko iryo tahuka ryabaye mu nyuma y’akigoro k’intumwa z’abarundi hamwe n’abanyarwanda ko kubahimiriza gusubira mu gihugu c’amavukiro.

Ku musi wa gatatu abagera ku 1.500 bari bashikiye ku Mwumba mu ntara ya Ngozi baratashe ejo, abagera ku 429 nabo bari mu Mihigo muri yo ntara nyene bari batashe hirya y’ejo.

Imibonano yagiye iraba hagati y’abo bahunze hamwe n’abasigaye ku mitumba iwabo mu gihugu c’Urwanda haraheze imisi ishika 10 yatumye abahunze bumva y’uko imvo zabajanye zari zifatiye ku bihuha nk’uko Colonel Nzikoruriho Didace abimenyesha. Ku bwiwe, urukurukuru rujanye n’uko Abatutsi bagiye guhonya Abahutu rushobora kuba
rwavuye kuri bamwe bamwe mu batinya kurenguka imbere y’intahe gacaca ku bijanye n’ubwicanyi bw’agahomerabunwa bwabereye mu gihugu c’Urwanda.

Inama izohuza ubugira kabiri abaserukira ibihugu vy’Urwanda n’Uburundi hamwe n’ishirahamwe ryitaho impunzi HCR izotuma bihweza ukwo iryo tahuka ryifashe bongere bafate ingingo zerekeye ubuhungiro ku banyarwanda batazoba bifuza
gutahuka vuba, hisunzwe amasezerano mpuzamakungu yerekeye impunzi.

Ishirahamwe HCR naryo riguma rishira ahabona icipfuzo c’uko impunzi zikiri hafi y’umupaka w’Urwanda zokwimurirwa kure yawo.

Twibutse ko impunzi zishika 7.200 zivuye cane cane muri prefecture ya Butare ari zo zari zahungiye mu ntara za Kirundo na Ngozi bibangikanye, izishika 1.800 zikaba ari zo zimaze kujanwa hagati mu gihugu, mu ntara ya Muyinga hamwe no mu ntara ya
Cankuzo.

XS
SM
MD
LG