Uko wahagera

Abanyamakuru ngo Bitondere Amagambo Bakoresha


Abamenyeshamakuru bo mu karere k’ibiyaga binini babwirizwa gukorera hamwe kugira ngo amahoro agaruke mu karere k’ibiyaga binini. Ivyo biri mu vyapfunditswe n’abamenyeshamakuru b’abanditsi baje bava mu bihugu vy’Urwanda, Uburundi na Republika iharanira Democratie ya Congo.

Kubera ivyo, abamenyeshamakuru bategerezwa gutegera kumwe indyane hamwe n’utwigoro turiko turagirwa tugamije ukugarukana amahoro mu karere k’ibiyaga binini. Uguhanahana ivyiyumviro ni nyamukuru kuko cane cane ingorane zishikiye kimwe muri ivyo bihugu zama zigira ingaruka no ku bindi bihugu bibanyi, nk’uko Cyprien Ndikumana aserukira ishirahamwe Panos Paris yabimenyeseheje.

Impanuro zitangwa cane cane mu bihe vyegereje amatora mu bihugu vy’Uburundi na Congo n’uko abamenyeshamakuru batofatira ibintu vyose ikivunga, bakirinda gushira imbere ibitagenda neza, no gukoresha amajambo atuma indyane ziyongera.

Tumenyeshe ko iryo shirahamwe Panos rifata ko ubwigenge bw’abamenyeshamakuru muri ako karere k’ibiyaga binini buriko buratera imbere n’aho hakiriho ingorane. Ivyo bikabonekera ku gitigiri kigenda kiriyongera c’ibinyamakuru hamwe n’amaradiyo na television vyigenga.

XS
SM
MD
LG