Uko wahagera

Ikiganiro cy'Urubyiruko cyo ku itariki 02 Mata 2005


Mu makuru yerekeye urubyiruko uyu munsi, muri Tanzania, amashirahamwe abandanya kwigisha abana bari mu makambi y'impunzi kurwanira agateka kabo.

Mu Burundi, abana bakurira bakongera bakiga mu bihugu bitavuga indimi zikoreshwa mu Burundi, ntiborohegwa mugusubira mu buzima busanzwe iyo batahutse mu gihugu c'amavukiro.

Mu Rwanda naho, igikorwa cyo kwimurira mubindi bihugu impunzi z'abarundi z'iri murwanda, kirajana na kubera niba nta ruhare izo mpunzi zagize mw'itsembabwoko n'intsembatsemba byabaye murwanda.

Ahandi ho, abana b'impunzi bari mu nkambi ku Gisenyi ngo ntibishimiye uburyo bashiyirweho bwo kwiga, bakaba kandi nta n'icyizere bafite cy'uko ubwo buryo bushobora kuzahinduka.

XS
SM
MD
LG