Uko wahagera

FMI Irasaba Uburundi Kurekurira Abikorera


Ikigega mpuzamakungu FMI gisaba Uburundi y’uko bwoshishikara

umugambi wo gushira mu minwe y’abikorera utwabo ibijanye n ‘ubutunzi. Iyo ni imwe mu ngingo ntabanduka kugira ngo buzoshobore gusubira guhabwa imfashanyo ijanye no kurwanya ubukene no kugwiza umwimbu.

Igihe yarangiza urugendo yari amazemwo imisi mu Burundi, intumwa y’ikigega FMI, Paul Mathieu, yaramenyesheje y’uko iryo hinduka ryega n’ugutsimbataza ugucungera itunga ry’igihugu haba mu mafaranga reta itoza canke ayo yinjiza. Iyo ngendo izogabanura agahombo mu mahera yama itegekanya gukoresha. Kubera ivyo, igihugu gitegerezwa kwiyubara mu kugene amahera akoreshwa. Iyo ikaba ari n’imvo y’uko muri kino gihe bidashoboka ko abakozi ba reta bongezwa imishahara nk’uno iyo ntumwa ya FMI Paul Mathieu yabimenyesheje icese.

Ibijanye n’amafaranga y’agaciro navyo nyene biri mu bisabwa kuja mu minwe y’abikorera utwabo.

Tumenyeshe ko reta y’Uburundi iherutse kwemeza itegeko ritanga uburenganzira bwo kugura no kugurisha mu bice vyose bigize igiterwa c’ikawa, iryo tegeko rirakura kandi amatagisi ajanye n’ukukirima.

FMI iranezerezwa n’uko umwimbu wongerekanye ku bice 4.5% n’aho bitashitse ku vyari vyategekanijwe. Imvo ikaba uruzuba tuguma mu ntara zo mu buseruko bw’igihugu, hamwe n’iduzwa ry’ibiciro vy’ibitoro ku masoko mpuzamakungu. Ifaranga ry’Uburundi ryarataye agaciro ku bice 11,8% ukwo ibintu bimeze bikazosaba akigoro k’ Uburundi na FMI, kugira ngo agaciro karyo kisununure.

XS
SM
MD
LG