Uko wahagera

Mu Burundi SIDA Yarahagurukiwe


Reta y’Uburundi yaratanguje icese kuwa gatanu umugambi wo kugwiza itangwa ry’imiti ipfupfahaza ku bantu bagendana umugera w’ingwara ya sida. Ibirori vyatangujwe n’inkuka y’imisa yasomwe na musenyeri wa diocese ya Bujumbura, Evariste Ngoyagoye, vyari vyitabwe n’umukuru w’igihugu Domitien Ndayizeye, umutambukanyi wiwe hamwe n’abatari bake muri reta, n’umushikiranganji ajejwe ukurwanya ikiza c’ingwara ya sida, Charles Nditije.

Ishaka ry’uyo mugambi ni uko abantu bose bagendana umugera w’ingwara ya sida bageze gufata imiti boshobora gufashwa.

Amashirahamwe mpuzamakungu nka OMS na ONUSIDA yemeje gushika ku ciphuzo c’uko abantu bagera ku miriyoni zitatu kw’isi boronka imiti ipfupfahaza. Reta y’Uburundi nayo ishaka kuruhirizaho mu kuzoba yaronkeje iyo miti ipfupfahaza abantu bagera ku bihumbi 12 na 500 mu mpera z’uyu mwaka turimwo.

Ishirahamwe ANSS ryishinze ugufasha abarwayi n’abamaze kwandura umugera wa sida riremeza akigoro reta y’Uburundi imaze kugira mu bijanye no kurwanya ikiza c’ingwara ya sida. Aha twovuga nko gushiraho ubushikiranganji bujejwe ukurwanya ikiza c’ingwara ya sida, hamwe n’ikigega co gufasha abarwaye uyo mugera, no gukurikirana abamaze kurwara.

Uwurongoye iryo shirahamwe, Jeanne Gapiya Niyonzima, akaba ari nawe muntu yatanguye kuvuga icese ko afise umugera wa sida, asaba umukuru w’igihugu Domitien Ndayizeye y’uko reta yogaruka ku ngingo iheruka gufata yo gusubira gutoza amatagisi ku miti. Jeanne Gapiya Niyonzima ati :

“Iyo ngingo yari yarafashije kuronka imiti yo kuvura ingwara ziyadukiza ku murwayi wa sida.“

Muri ivyo birori nyene umukuru w’igihugu yaciye yemera icese ko agiye kuvugana n’umushikiranganji ajejwe ukurwanya ikiza c’ingwara ya sida ibishoboka kugira ngo baborohereze.

Tumenyeshe ko kuri uyo musi nyene ariho ishirahamwe ANSS ryugurura icese muri quartier ya Kigobe Nord ikigo "TURIHO" cakira kikanafasha abarwayi ba sida.

XS
SM
MD
LG