Uko wahagera

Umuntu Umwe Yaguye mu Gitero cy'Abajura muri Cibitoke


Umuntu umwe yarasize ubuzima mu gitero cagizwe mw’ijoro ryo ku w’Imana rishira uwa mbere muri zone Cibitoke muri mairie ya Bujumbura.

Inkuru ziva muri iyo zone zimenyesha ko abantu bitwaje ibirwanisho bakikuje ibarabara rya 6 n’irya 12 rya quartier ya Mutakura imbere y’uko batangura kurasa kamwe mu bubare bwaho. Umudandaza wo kuri ko, Richard Ndagijimana, amenyesha y’uko ico gitero cabaye igihe c’isaha zitatu, abantu bakiriko barica akanyota.

"Nariko ndadandaza ngaha kuri comptoir, hanyuma nza mbona nk’isaha zitatu zo mw’ijoro abantu b’abaclients baje biruka mu nzu bashika bashirako umuryango. Nza numva amasasu abaye menshi...."

Akabare kaciye kugara baca baja mu vyo kugarukira ku bari bakomerekejwe n’amasasu. Umwe muri bo aca asandabira kwa muganga.

Tumenyeshe y’uko ico gitero cakurikiwe n’ukwambura ivyo abari aho mu kabare bari bafise vyose. Aha twovuga nk’amafaranga, itelefone ngendanwa n’ibindi. Mu guhunga abaclients batari bake bagiye batarishe inyobwa bafashe, ibirahuri hamwe n’amacupa bariko baranyweramwo biramenagurika.

Biragoye kumenya abagize ico gitero. Umukuru wa zone ya Cibitoke, Raymond Nizigiyimana, amanyesha ko abantu bafise ibirwanisho bari mu mirwi myinshi, nk’abasoda ba reta canke abahora ari abarwanyi basubijwe mu buzima busanzwe.Inkuru twatohoje aho ku Mutakura muri zone ya Cibitoke zemeza ko mu ba civils hariho abagendana ibirwanisho bakabinyegeza mu mpuzu.

Ukugwiza abasoda bararira ntibikwiye nk’uko uyo
mutegetsi wo hasi abivuga. Raymond Nizigiyimana asaba ahubwo ko hoba umugambi w’igihugu cose ujejwe ukwaka ibirwanisho abanyagihugu batabifitiye uruhusha:

“Hakenewe umugambi w’igihugu cose. Zone nta nguvu ifise zo kwaka ibirwanisho abanyagihugu. Iyo
ibirwanisho biri mu banyagihugu, barashobora
kubikoresha mu gutoba amatora.”

Twibutse ko igitero bene ico cabaye mu ndwi iheze ku Musaga mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura kikaba cahitanye abantu babiri.

XS
SM
MD
LG