Uko wahagera

Abarundi Basaga 90% Batoye Itegeko Nshinga Rishya



Amatora y’ibwirizwa shingiro yabaye ku wa 28 yararyemeje kuri 91.41 % mu biharuro vy’imfatakibanza.

Umurwi wigenga w’igihugu ujejwe ugukurikirana ibwirizwa shingiro wamenyesheje ku musi wa kabiri y’uko ibice 91.41 % vy’abitavye amatora ari bo batoye “ego” mu matora yabaye ku wa 28 Ruhuhuma mu biharuRo vy’imfatakibanza, ibice 8.56 bitora “ oya”.

Ku bibanza vy’amatora bigera ku 2116, ivyari bimaze gushikana i Bujumbura inyishu y’ivyavuye mu matora igihe c’isaha 10 n’igice mu masaha y’i Burundi, vyagera ku 1859, n’ukuvuga ibice 87.85 %.

Inyuma y’igihugu, Canada na Libya vyonyene ni vyo bitari vyamenyeshe umurwi CENI ivyavuye mu matora, bivuye ku ngorane zo gutumatumanako amakuru na telephone. Ikivura cinshi caguye mu makomine atatu y’intara ya Gitega ari yo Bugendana, Buraza, na Mutaho catumye amabarabara adahita kuri uyo musi w’amatora. Mu yandi makomine ashika kuri 5 ari mu ntara za Karuzi, Makamba, Ngozi na Mwaro, ingorane zahabaye zerekeye amayira mabi ajana ahari ibibanza vy’amatora.

Umukuru w’umurwi wigenga ujejwe gukurikirana ivy’amatora, Paul Ngarambe, yemeza y’uko ibiharuro biri inyuma ataco bizoza bihindura ku bimaze kuboneka:

« Ku bwacu ntaco biza guhindura namba ku ntumbero, abavuze "Ego" biza kuguma biri hejuru ya 90 na rimwe, abavuze "Oya" biza kuguma biri munsi y’icenda kw’ijana. »

Uyo murwi uremeza y’uko abakenyezi bitavye ayo matora ari benshi, ku bice 50.7%, mu gihe abagabo bagera ku 49.3%. Uremeza kandi ko ubusuma bwashatse kuba mu bibanza bimwe bimwe vy’amatora ataco bwononye mu bijanye n’ukugene yagenze, kandi ko yagenze neza haba i Bujumbura canke hagati mu gihugu.


XS
SM
MD
LG