Uko wahagera

Amatora y'Itegeko Nshinga Rishya mu Burundi Yarabaye


“Igenekerezo rya 28
Ruhuhuma mu mwaka w’2005 ni icemezo c’uko Abarundi bageze ku ntambwe y’ubutagisubira inyuma.”

Ivyo umukuru w’igihugu Domitien Ndayizeye yabimenyeshe mu gihe yari ahejeje gutora ibwirizwa shingiro ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Aude Ndayizeye.

President Ndayizeye yaramenyesheje y’uko uyo musi uzoja mu mateka n’amategeko y’igihugu mu mu nyuma y’ingwano yakurikiye igandagurwa rya President Melchior Ndadaye mu mwaka w’1993.

“Uno musi twovuga y’uko twerekanye y’uko tuvuye muri ico gihe c’indyane; tugiye kwerekana ko tugiye kwinjira mu gihe c’intwaro ibereye, mu ntwaro zifise
amabwirizwa n’amategeko, aho umwe wese agomba kumenya aja ku butegetsi, ukugene atwara igihugu, ukugene avaho.Ivyo biza bifasha kumenya uruhara rwiwe mu vyeyrekeye ibigomba kuranga iki gihugu”.

Domitien Ndayizeye yarasavye amakungu y’uko iyo
ntambwe yotuma arekura imfashanyo yemereye Uburundi.

Intango y’amatora yabaye ata ngorane nyamukuru
zibayemwo kiretse ukujuragirika kw’abantu gufatiye ku kutamenya neza ikoreshwa ry’ivy’amatora. Ishirahamwe ONU mu Burundi, ONUB, rimenyesha y’uko ari ingorane zidashobora gutosekaza ukugene amarora ariko aragenda.

Ku bwa Ahmedou El Bakai Sek ajejwe
ivy’amatora muri ONUB amatora ariko aragenda neza. Igihe c’isaha zibiri zo mu gatondo ibice 15%
vy’abanyagihugu bari bamaze kwitaba amatora.

“Nshaka kumenyesha y’uko Abarundi mu bwitonzi ntangere, Abarundi bishikiye kurondera amakarata y’amatora bongera baratora. Ico ni ikimenyetso gituma nibaza y’uko igitigiri c’abazoyitaba kizoba ari kinini ku muhingamo.”

Tumenyeshe y’uko abategetsi batari bake nabo nyene bitavye amatora y’ibwirizwa shingiro. Umushikiranganji w’intwaro ibereye akongera akaba umukuru w’umuhari wahora urwana wa CNDD-FDD, Pierre Nkurunziza, amenyesha
ko yatoye “ego”, kandi ko ayo matora ari umushinge
w’intwaro ya democratie nyakuri hihwejwe akigoro
amakungu, akarere, hamwe n'abahuza bagize.

“Tugiye kuraba iyo ibwirizwa shingiro ryazananye, ukuntu habaye ubwigoro bwinshi bw’amakungu, ubwigoro bwinshi bwo muri aka karere, n’abahuza batumye dushika ku masezerano yatumye dushika kuri ino ntambwenta nkeka ko ku ruhande rw’iwanje ndayemeza”

Tumenyeshe ko umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Libere Bararunyeretse atashimye kubwira abamenyeshamakuru y’uko yoba yatoye “ego” canke “oya”, akamenyesha ko kaguma ari akabanga kiwe adashaka kubamenera. Ku bwiwe, abanyagihugu ntibashobora gutora mu mwidegemvyo, akemeza y’uko mu gihugu hagati hariho abagira iterabwoba ku bandi mu bijanye n'ukugene botora.

Tumeyeshe ko amatora y’ibwirizwa shingiro yuguruye ikiringo c’amatora azotuma abanyagihugu bitorera ababatwara kuva hasi gushika hejuru.

XS
SM
MD
LG