Uko wahagera

Burundi: Abarundikazi Bafatwa ku Ngufu Bakomeje Kwiyongera


Bujumbura, ku wa 7 Kigarama

Ishirahamwe Ligue Iteka riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi rimenyesha y'uko ugufata abakenyezi n'abigeme ku nguvu bagakorerwa ivya mfurambi bigenda vyiyongera.

Ibiharuro bitangwa n'itohoza ryagize mu mezi atandatu ya mbere y'uno mwaka wa 2004, ryerekana y'uko abantu bafashwe ku nguvu bagera ku 866. Ica kabiri cabo kigizwe n'abari hagati y'umwaka umwe n'imyaka 17. Muri abo bose abagabo bari m biharuro vyababa cumi gusa.

Nk'uko umuhari Ligue Iteka ubimenyesha, ayo mabi agwiriye mu ntara za Bujumbura-rural na Bujumbura-Mairie, aho abagera ku 689 ari bo rimaze kuhaharura, mu ntara ya Ruyigi, bakaba habonetse abagera kw'114. Muri province ya Bubanza, haharuwe abagera kw'17.

Ishirahamwe ry'abagiraneza b'abaganga batagira imbibe Medecins Sans Frontieres, rimenyesha ko ibice 70 % vy'abaza kubitura bava mu ntara ya Bujumbura-rural, na Bujumbura-Mairie, kandi muri bo, ibice biri hagati ya 60% na 70% baba bakorewe ayo mabi n'aba civils. Ishirahamwe Medecisn Sans Frontieres rimenyesha y'uko ayo mabi ajanye ahanini n'ingorane z'imibano kuruta ingaruka z'ingwano.Ubwo bukozi bw'ikibi buragoye ifatiro kuko ahanini buba bwagizwe n'abaryango.

Ku bw'itohoza ryagizwe n'ishirahamwe Ligue Iteka mu gihugu cose, ibice 34 % vy'abakora ayo mabi n'abasirikare; 26 % nabo bakaba ari abo mu barwanyi,3,8 % n'abigisha .

Ingaruka mbi zico kibi ku mukenyezi n'uko nk'iyo yari yubatse, iba inyendamuvano y'uko umugabo amwirukana mu rugo.Umugambi w'igihugu ujejwe irondoka rijanye n'amagara meza usaba y'uko kugira ngo ikibi nk'ico kiranduranwe n'imizi,abarongoye abandi mu nzego zo hasi boha uruhara ruhambaye abanyagihugu, kugira ngo bahimirize abantu gushira ahabona abo cagira, no gufata mu mugongo abo iryo sanganya ryashikiye, mu bijanye n'ubuvuzi,ubutungane,imico hamwe n'imibano.

Itohoza ryagizwe n'umuhari Ligue Iteka ryemeza ko ubwoba bw'ugucirwa umukenke n'ababanyi butuma abakorewe amabi bene ayo badahuta barayashira ahabona., ivyo bikava kandi kuko ibijanye n'amabanga mpuzabitsina gushika kikiri ikibazo kidahuta kiravugirwa ku mugaragaro.

Iyindi ngorane igihari ni iy'uko ibiturire, ukutamenya amategeko kw'abakorewe ikibi, canke ukujana urubanza mu mwumvikano kugirwa n'abacamanza canke abashingantahe bo ku mugina, uguhunga kw'abakoze ico kibi bitumauma ayo mabi adahashwa bikwiye.

Ku ruhande rw'ubucamanza, ugufata abakenyezi canke abigeme ku nguvu bica mu buryo bwinshi ariko muri bwo hari ubudategekanywa n'amategeko mpanavyaha y'Uburundi bigatuma budahanwa.



Shakira andi makuru yo mu karere

XS
SM
MD
LG