Uko wahagera

Burundi: Ubumwe bwa Buraya Buvuga ko Abamenyeshamakuru Baterwa Ubwoba


Inzu yahora ikoreramwo Radiyo y'abanyagihugu, RPA.
Inzu yahora ikoreramwo Radiyo y'abanyagihugu, RPA.

Icegera c'umukuru w'igihugu c'Uburundi aremeza ko muri iyi myaka itandatu iheze habaye icuka kibi hagati y'ubutegetsi n'ibimenyeshamakuru. Prosper Bazombanza avuga ko vyaturutse ahanini ku bimenyeshamakuru bimwe bimwe vyashatse gukorera inyungu za politike no gufasha abashaka gushigikira ubutegetsi biciye mu gikenye.

Yabishikirije ariko yugurura inama rukokoma yo mu gisata c'itangazamakuru mu Burundi iriko ibera ku murwa mukuru wa politike Gitega. Uwuserukira Ubumwe bwa Bulaya mu Burundi nawe yemeza ko abamenyeshamakuru bagiterwa ubwoba, baburabuzwa na bamwe mu bategetsi. Claude Bochu afata abamenyeshamakuru mu Burundi nk'intwari zirengera ibizigoye bagakora umwuga neza uko bashoboye naho bahembwa intica ntikize.

Bochu aserukira Ubumwe bwa Bulaya yavuze kandi ko agashahara k’abamenyeshamakuru mu Burundi ari intica ntikize. Ibi, icegera c’umukuru w’igihugu asanga biri mu bituma umwuga utakaza akanovera.

Muri iyi myaka itatu iheze, Uburundi bwungutse ibibanza 53 vyose buva kuri 160 buja kuri 107 mu cegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu riharahanira ubwigenge bw’itangazamakuru RSF risohora buri mwaka ku bihugu 180 mw’isi.

Ariko mu cegeranyo c’umwaka w’I 2021, ubushikiranganji bujejwe imigenderanire ya Amerika n’amakungu bwavuze ko Reta y’Uburundi ikandamiza abamenyeshamakuru bigatuma bahitamwo kugira ibintu bimwe bimwe bafata nk’ibwishwa bakareka kubikorako inkuru.

Ico cegeranyo cagiriza imwe mu mirwi yegereye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD nk’urwaruka rwawo Imbonerakure kuba baburabuza, bagakubagura bakongera bagatera ubwoba abamenyeshamakuru bikekwa gukorana n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi naho ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi ryemera ubwigenge bw’itangazamakuru n’ubwo gushikiriza ivyiyumviro.

Fyonda munsi usome wumve ibindi mu nkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika i Nairobi muri Kenya.

Umwuga wo Kumenyesha Amakuru Wifashe Gute mu Burundi?
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:38 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG