Uko wahagera

Finlande na Suwede Vyemerewe Kandidatire muri OTAN

Kuva i Buryo: Umunyamabanga mukuru wa OTAN, perezida wa Turukiya, Pereida wa Finlande, umushikiranganji wa mbere wa Suwede, umushikiranganji wa Turukiya w'imigenderanire, mugenzi we wa Finlande, n'uwa Suwede basinya amasezerano i Madrid, muri Esupanye, kw'itariki ya 28/06/ 2022

Turukiya yemeye kuri uyu wa kabiri ko Finlande na Suwede bibandanya kandidatire yo gusaba kwinjira mw’ishirahamwe OTAN ryishinze kurwaniriza umwansi hamwe.

Turukiya yari yarabereye intambamyi ivyo bihugu kuko vyari bifitaniye ibibazo vy’umutekano. Ibi Turukiya ivyemeye inyuma y’aho ibi bihugu bitatu vyumvikaniye gukingiganirana hagati yavyo.

Uyu mvumvikano washobotse inyuma y’amasaha ane y’ibiganiro ivyo bihugu vyamazemwo imbere yuko inama ya OTAN itangura i Madrid muri Esupanye.

Umunyamabanga mukuru wa OTAN, Jens Stoltenberg, hamwe na perezidanse ya Turukiya bemeje ko uwo mwumvikano wabaye. Hari inyuma y’ibiganiro vyabaye hagati y’uwo mutegetsi hamwe na perezida wa Turukiya, Recep Tayyip Erdogan, hamwe n’umushikiranganji wa mbere wa Suwede, Magdalena Andersson.

Ibintu nyamukuru Turukiya yasavye kuva mu kwezi kwa gatanu, kwari uko ivyo bihugu bibiri vyo mu buraruko bwa Buraya bihagarika gufasha imihari y’abakurde iri ku butaka bwavyo. Ibindi kwari ugukuraho ibihano vyo kugurisha ibirwanisho kuri Turukiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG