Uko wahagera

USA: Sena Yemeje Guhagarika Gufasha mu Ntambara muri Yemeni


Abasirikare ba Yemeni mu rugamba
Abasirikare ba Yemeni mu rugamba

Sena ya Reta zunze ubumwe za Amerika yaranse gushigikira perezida Donald Trump ejo kuwa gatatu, itora guhagarika imfashanyo za gisirikare Amerika iha urunani mpuzamakungu rurongowe na Arabiya Sawudite bariko bararwanya abarwanya reta ya Yemeni.

Abasenateri ndwi basanzwe bazwi ko bashigikiye Trump barifatanije n’abademokrate mu kwemeza iyo nteguro y’itegeko. Igiye guca ijanwa mu nama nshingamateka naho vyitezwe ko izokwemezwa.

Iyo ngingo isaba Trump gukura abasirikare ba Amerika ku rugamba muri Yemeni mu kiringo c’imisi 30.

Ibitero vy’indege vya Arabiya Sawudite ku barwanya reta ya Yemeni biraterwa mu turere tubamwo abasivile, vyica ibihumbi vy’abantu, bigasambura imihana yose hamwe n’ibitaro.

Iyo ntambara yarahungabanije ubuzima bw’abantu muri Yemeni, aho amamiliyoni y’abanyagihugu abangamiwe n’inzara.






Facebook Forum

XS
SM
MD
LG