Uko wahagera

Prezida Macron Arashaka Ubudandaji n'Afrika y'Ubuseruko


Perezida Emmanuel Macron na Uhuru Kenyatta wa Kenya i Nairobi
Perezida Emmanuel Macron na Uhuru Kenyatta wa Kenya i Nairobi

Prezida w’igihugu c’Ubufaransa, Emmanuel Macron, yashitse muri Kenya uno musi ku wa gatatu mu rugendo rw’akazi rw’imisi ibiri.

Ni rwo rugendo rwa mbere rugizwe na perezida w’Ubufaransa kuva Kenya gishikiye intahe y’ukwikukira mu mwaka w’i 1963. Imbere ya Kenya, Macron yarasuye ibihugu vya Djibouti na Etiyopiya.

Mu rugendo arimwo, Perezida Macron ashimikira ku vyerekeye imitahe n’umutekano ku karere ko mu buseruko bwa Afrika gatera kagira igihagararo gikomeye cane.

Igihe ari muri Kenya, Prezida Macron azokwitaba inama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku bidukikije ku murwa mukuru, Nairobi ejo ku musi wa kane.

Prezida Macron yaherekejwe n’abayobozi b’amasosiyete agira imirimo y’ubudandaji y’Ubufaransa. Kenya ni co gihugu gikorerwamwo imirimo ikomeye cane y’ubudandaji mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG