Uko wahagera

Amerika Yongereje Ibihano kuri Perezida Maduro


Nicolas Maduro, perezida wa Venezuela
Nicolas Maduro, perezida wa Venezuela

Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa mbere zarafatiye ibihano banki iri i Moscou isangiwe na reta y’Uburusiya na Venezuela, ihowe gufasha mu buryo bw’amafaranga perezida wa Venezuela Nicolas Maduro hamwe n’ishirahamwe ry’ibitoro rigenzurwa na reta yiwe.

Ubushikiranganji bw’ikigega muri Amerika buvuga ko buhanye ibanki Evrofinance Mosnarbank, yashinzwe muri 2011 kugira ifashishe mu buryo bw’amafaranga amashirahamwe y’ibitoro hamwe n’imigambi y’iterambere Uburusiya busangiye na Venezuela, yagirizwa guca kubiri n’ibihano Amerika yafatiye Venezuela.

Amerika hamwe n’ibindi bihugu birenga 50, vyemeza ko Juan Guaido atavuga rumwe na reta ari we mukuru w’igihugu w’imfatakibanza muri Venezuela. Bavuga ko Maduro, atemewe n’amategeko kuko yatowe abatavuga rumwe nawe bankiwe kwitoza.

Ibi bihano ni utwigoro reta ya Donald Trump iriko irakoresha mu kunaniza Maduro yemere kuva ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG